IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Umuntu umwe yarishwe, 14 barahagarikwa mu ndwi (...)

SOS-Torture : Umuntu umwe yarishwe, 14 barahagarikwa mu ndwi imwe

lundi 12 mars 2018

Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bantu 14 bahagaritswe, 13 ni abigisha bo ku mutumba Murambi, komine Gatara, intara ya Kayanza kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2018, bagirizwa gukubita umuyobozi w’ishuri.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kw’ikurwa mu cicaro A c’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ugashirwa mu cicaro B, aho isekeza SOS-Torture rimenyesha ko bishobora kugira ingaruka ku bijanye n’ibikorwa vy’uwo murwi, naho umukuru wawo yavuze ko ata ngaruka bizogira.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko ku mutumba Rusiga, komine Rugombo, intara ya Cibitoke, umuntu umwe yishwe, vyikekwa ko ari umusuma yagomba kwiba ibitungwa, naho nyene ata n’umwe yahagaritswe yagirizwa ubwo bwicanyi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.