Serbie: Umukuru w’igihugu yagenye uwuhuza igitsina nuwo bagisangiye kuba umushikiranganji wa mbere

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 16 Ruheshi 2017 saa 09:01
Yasomwe : 8604
0 0

Umukuru w’igihugu mushasha wa Serbiya Aleksandar Vucic yatoye umupfasoni Anna Brnabic asanzwe ahuza ibitsina nabo babisangiye kuba umushikiranganji wa mbere wa karere ka kihafidhana ko muri Balkan .

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko naho Anna Brnabic asanzwe ahuza ibitsina nabo babisangiye , vyitezwe ko inama nshingamateka izomwemeza, kuko umugambwe wiwe ufise intebe nyinshi mu nama nshingamateka .

Mu myaka yahera mu gihugu ca Serbiya,nta wari yiteze ko umuntu ahuza ibitsina n’abo babisangiye ashobora kugenwa kuba umushikiranganji wa mbere.

Inama nshingamateka niyo yemeza Anna Brnabic , hitezwe ko azoca afashanya n’ikindi gitigiri gito c’ abashikiranganji ba mbere mu kurongora urwo rwego ku mugabane wa Buraya, muri abo hazoba harimwo Leo Varadkar ava mu gihugu ca Ireland na Xavier Bettel wo muri Luxenbourg bose basanzwe bahuza ibitsina n’abo babisangiye.


Kumenyekanisha

1
Mtanzania 16-06-2017 à 11:16

naka

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha