Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Shimon Peres yahoze ari umukuru w’igihugu wa Israel yitavye Imana
Yanditswe taliki ya 28-09-2016 - isaha 09:21' na IGIHE

Shimon Peres yigeze kuba umukuru w’igihugu wa Israel, aba n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu incuro zibiri zose yikurikiranya, yitavye Imana ku myaka 93. Ahitanwe n’ingwara yo kuva amaraso mu bwonko.

Shimon Peres afatwa nk’umwe mu bashinze Reta ya Israel mu mwaka w’1948, akaba yaguye mu bitaro biri hafi y’igisagara ca Tel Aviv, mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu. Yitavye Imana ari kumwe n’umuryango wiwe. Nk’uko abo mu muryango wiwe babimenyesha, yasezeye isiaatabanje kubabara cane.

Yavutse mu mwaka w’1923 i Vishnyeva, muri Belarus, ahahoze ari muri Pologne, yinjira mu nama nshingamateka ya Israel mu mwaka w’1959.

JPEG - 64.4 ko
Shimon Peres yitavye Imana ku myaka 93

Yabaye umushikiranganji wa mbere wa Israel incuro zibiri, ndetse aba umukuru w’igihugu w’icenda wa Israel kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2014.

Yamaze imyaka 66 muri poritike, akaba yakoze muri Reta 12, agira n’uruhara runini mu kurondera umubano mwiza hagati ya Israel na Palestina.

Mu mwaka w’1994, yahawe agashimwe kitiriwe Nobel kubera uruhara rwiwe mw’isinywa ry’amasezerano y’amahoro hagati y’ibihugu vya Israel na Palestina mu mwaka w’1993. Ako gashimwe yagahawe ari kumwe n’uwari umushikiranganji wa mbere wa Palestina, Yitzhak Rabin hamwe na Yasser Arafat yari umukuru w’igihugu.

Umuhungu wiwe, Chemi Peres, yavuze ko se yatanguye gukorera abanya Israel kuva imbere y’uko bagira igihugu cabo bwite, ndetse akaba yarakunda kuvuga ko kuba ukomeye biva kuco uharanira.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, nawe yatangaje ko yababajwe n’urupfu rw’iyo narariubonye yari ikunzwe n’igihugu cose.

Ivyiyumviro vyanyu

Naruhukire mu mahoro asanze abandi b’intwari ba sekuru biwe bamwe dusoma muri bibiliya

30.09.2016 à 22:24
gud

Imana imwakire mubwami bwayo, yarumugabo wijunja nijambo, Atari nkurunziza petero yi samburirako nkimpene.

30.09.2016 à 05:50
mzoyihera intagoheka

Shimone Peres imana ikwakire mubwami bwayo wakoreye abaturange ba isarael ndetse ukorera igihungu usize Amateka meza kwisi ndetse numuri politique

28.09.2016 à 19:59
James

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.