IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Singapour : Umukuru w’igihugu wa mbere w’umugore yagenwe

Singapour : Umukuru w’igihugu wa mbere w’umugore yagenwe

mercredi 13 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Halimah Yacob yashoboye gutsindira ico kibanza hatarinze kuba amatora bivuye ku mahinduka yabaye mu mwaka wa 2016 atanga akaryo kangana ku baserukira imiryango y’amakoko ari mw’ico gihugu kuja ku butegetsi bw’igihugu.

Bivugwa ko hari haciye imyaka 52 umukuru w’igihugu ava mu bwoko bw’aba "Malais" atwaye ico gihugu, uwaheruka w’uwo muryango akaba yatwaye mu mwaka w’1965.

JPEG - 39.7 ko
Halimah Yacob

Halimah Yacob w’imyaka 63 ava mu bwoko bw’aba "Malais" abaye umugore wa mbere atwaye igihugu ca Singapour, yatanguye ibikorwa vyiwe vya poritike mu mwaka wa 2011, mu mwaka wa 2011 aba umushikiranganji w’urwaruka n’inkino, mu mwaka wa 2013 gushika 2017 naho aba umukuru w’inama nshingamateka ya Singapour.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.