Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siria : Ibitaro vyo mu gisagara ca Alep vyatewe
Siria : Ibitaro vyo mu gisagara ca Alep vyatewe
dimanche 2 Gitugutu 2016, par
Ibitaro vyo mu gisagara ca Alep, mu gihugu ca Siriya vyasambuwe mu bitero vyo mu kirere bibandanya muri ico gisagara kiri mu minwe y’abagwanya Reta.
Ishirahamwe rya Syrian American Medical Society, rifasha ivyo bitaro rivuga ko ivyo bitaro vyateweko ibibombe bibiri. BBC ivuga ko ivyo bitaro vyari vyatewe kandi mu ntango z’indwi iheze.

Tubamenyeshe ko hari n’ayandi makuru avuga ko abagwanyi bafashwe mu mugongo n’Uburusiya hamwe n’igisirikare ca Syria, bagize ibitero kuri ico gisagara ca Alep, baratana mu mitwe n’abagwanyi mu bibanza bitandukanye.
IGIHE
Messages
2 Gitugutu 2016, 15:49, par Eric burundi.
Amerika ntiyoreka kwivanga mumi twarir yabandi? Izi kwir kwisi aband bariko? Yagomvy yatuza.