IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya:Abantu 250 nibo bamaze gupfa mu bitero vyo kuva kuruyu (...)

Siriya:Abantu 250 nibo bamaze gupfa mu bitero vyo kuva kuruyu w’Imana

mercredi 21 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesheje ko rifise impungenge k’ubuzima bw’abanyagihugu bakiba muri ico gice ca Ghouta kirangwamwo ibitero bikorwa mu kirere.

Umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’ibibondo Unicef,Geert Cappelaere yavuze ko bari mu bahitanwa n’ivyo bitero.

Greert Cappelaere yamenyesheje ko kugira bashobore gukingira ibibondo bategerezwa kwemera ivyo vyose vyobashikira kuko gukingira ibibondo n’igikorwa ca buri muntu.

Mu gihe igisagara ca Allep cari cigaruriwe n’abarwanyi ba Kisiramu,mu mwaka wa 2016, abasirikare b’igihugu ca Siriya baragize ibitero muri ico gisagara. bashaka kukigarukana mu maboko ya Reta aho abantu baharurwa mu majana bahasize ubuzima.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.