Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya:Abantu 250 nibo bamaze gupfa mu bitero vyo kuva kuruyu (...)
Siriya:Abantu 250 nibo bamaze gupfa mu bitero vyo kuva kuruyu w’Imana
mercredi 21 février 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesheje ko rifise impungenge k’ubuzima bw’abanyagihugu bakiba muri ico gice ca Ghouta kirangwamwo ibitero bikorwa mu kirere.
Umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’ibibondo Unicef,Geert Cappelaere yavuze ko bari mu bahitanwa n’ivyo bitero.
Greert Cappelaere yamenyesheje ko kugira bashobore gukingira ibibondo bategerezwa kwemera ivyo vyose vyobashikira kuko gukingira ibibondo n’igikorwa ca buri muntu.
Mu gihe igisagara ca Allep cari cigaruriwe n’abarwanyi ba Kisiramu,mu mwaka wa 2016, abasirikare b’igihugu ca Siriya baragize ibitero muri ico gisagara. bashaka kukigarukana mu maboko ya Reta aho abantu baharurwa mu majana bahasize ubuzima.
BIKORIMANA Vianney