Siriya : Abantu 53 bapfuye mu gitero

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 Munyonyo 2017 saa 12:10
8880
0 0

Abantu 53 nibo basize ubuzima mu gitero cakozwe n’igihugu c’Uburusiya mu gace kitwa Deir al-Zour mu buseruko bw’igihugu ca Siriya.

Ishirahamwe rikurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu gihugu ca Siriya rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza (SOHR) ryamenyesheje ko 21 muri abo bapfuye ko ari abana.

Igihugu c’Uburusiya camenyesheje ko abihevyi 6 bateye ibisasu vyo mu kirere muri ako gace ariko ko igitero caco cagabwe mu gice kirimwo abagwanyi b’abihevyi.

Igihugu c’Uburusiya gisanzwe gishigikiye umukuru w’igihugu wa Siriya Bashar al-Assad mu ngwano zimaze imyaka hagati y’abanyesiriya agace ka Deir al-Zour kari mu bice umugwi w’abagwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu bakigenzura.

Inyuma y’aho ibiganiro vyaheruka ataco vyashitseko, hitezwe ibiganiro bishasha mu ndwi iza bishigikiwe n’umuryango mpuzamakungu ONU bizobera i Geneve mu gihugu c’Ubuswise.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha