Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Abantu 70 boba baguye mu gitero c’ibirwanisho vy’ubumara
Siriya : Abantu 70 boba baguye mu gitero c’ibirwanisho vy’ubumara
lundi 9 avril 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Abajejwe gutabara berekanye ku rubuga rwa twitter amasanamu y’ibiziga biri mu nzu yo mu kuzimu.
Abakora ibikorwa vyo gutabara, bamenyesha ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwongerekana.
Ku ruhnde rwa Reta ya Syria, ivuga ko izo nkuru z’ibitero hakoreshejwe ibirwanisho vy’ubumara ari ibinyoma, mu gihe Amerika yoyo ivuga ko hashobora kuba igitigiri kinini c’abahitanywe n’ico gitero, harimwo n’imiryango yari yarahunze.
Urubuga rwa BBC, rumenyesha ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko Uburusiya busanzwe bushigikiye Reta ya Siriya, bufise uruhara muri ico gitero c’ibirwanisho vy’ubumara.
MUGISHA Van Naris