IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Ingwano zikomeye zatumye abashika 50000 bahunga igihugu

Siriya : Ingwano zikomeye zatumye abashika 50000 bahunga igihugu

vendredi 16 mars 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abashika 30000 bahunze bava mu gisagara ca Afrin kiri mu buraruko igihe abasirikare ba Tirikiya n’abo bari kumwe batera.

Abaharanira agateka ka zina muntu, bavuze ko abantu 18 aribo bishwe n’ibibombe vya Tirikiya kur’uno wa gatanu, mu ngwano yatanguriye mu bwinjiriro bw’igisagara.

Iradiyo y’abongereza BBC , ivuga ko mu ntara ya Ghouta iri mu buseruko inyuma ya Damas, abantu 20000 aribo bahunze uturere turiko tugirwamwo ibitero n’abasirikare ba Reta.

Ingwano mu gihugu ca Siriya imaze imyaka indwi itanguye, imaze gutuma abantu imiriyoni 12 bata ingo zabo, imiriyoni zitandatu bakaba bahungiye mu gihugu hagati, abandi imiriyoni 5.6 baja hanze y’igihugu.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.