Sudani y’Epfo:ONU isaba ko ikibazo c’impuzi cicarirwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er février 2018 saa 02:53
3750
0 0

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ikibazo c’impuza ziva mu gihugu ca Sudani y’Epfo, kiri mu bibazo bihanze umugabane wa Afrika muri kino gihe.

Umukuru w’igisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kijejwe impunzi UNHCR , Filippo Grandi aragabisha, akavuga ko vyihutirwa ko ikibazo c’impunzi cicarirwa.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Filippo Grandi, yateye akamo amakungu ku mfashanyo y’imiriyaridi zitatu z’amadorare y’abanyamerika zikenewe mu gufasha hafi imiriyoni indwi z’abantu.

JPEG - 25.3 ko
Filippo Grandi , arongonye ishirahamwe HCR

Kur’uno wa kane igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2018, Filippo Grandi yagendeye ikambi y’impunzi iri mu gihugu ca Kenya, i Kakuma, mu buraruko bw’ico gihugu.

Ibiharuro vy’ishirahamwe UNHCR vyerekana ko hafi umuntu umwe kuri batatu bataye ingo zabo muri Sudani y’Epfo.


Kumenyekanisha

1
hassan bikorimana 1er-02-2018 à 23:10

nukuri. nibagirimbabazibabagereko..mugabo. Sivyogusabikenewe. kuko. ikibateraguhungabagata. ingontikirahera. ahubwo. nibihutireguhagarikintambaramurisudaniyepfo. kukonabasigayemugihugubababayegusumbabobabona

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha