IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Thaïlande : Uwahora ari umushikiranganji wa mbere yahanishijwe umunyororo (...)

Thaïlande : Uwahora ari umushikiranganji wa mbere yahanishijwe umunyororo w’imyaka itanu

mercredi 27 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Yingluck Shianawatra asanzwe atari muri ico gihugu yagirijwe ko atigeze aha agaciro ikibazo abarimyi b’umuceri bo muri ico gihugu, c’uguhabwa intererano kugira bashobore kurima barwanye inzara n’ubukene. Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yagirijwe ko ingingo yafashe z’ukudatanga izo mfashanyo ku barimyi bamwe bamwe zatumye bahahombere, ikigega ca Reta, abanyagihugu hamwe n’igihugu bose barahahombera.

JPEG - 37 ko
Yingluck Shianawatra yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Thaïlande

Yingluck Shinawatra yaciriwe urwo rubanza mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro 2017 atawuzi irengero ryiwe. Umushingwamanza wiwe yabwiye ubutungane ko atazi igihugu agezemwo, akemeza ko ukwezi guheze batavugana.

Boonsong Teriyapirom, umushikiranganji w’ubudandaji yari muri Reta yiwe nawe yaciriwe umunyororo w’imyaka 42.

Abo bategetsi bose bakurikiranwa n’ubutungane bagirizwa ko imfashanyo zari zigenewe abarimyi b’umuceri zatanzwe ku giturire, zigashikirizwa abarimyi bamwe, abandi ntibaronke, ivyatumye igihugu kihahombere.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.