IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkia : Abashingamateka icenda bari mw’ibohero

Turkia : Abashingamateka icenda bari mw’ibohero

vendredi 4 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi babiri b’umugambwe w’aba kurde, People’s Democracy (HDP), bari mw’ibohero hamwe n’abandi bashingamateka icenda.

Salahattin Demirtas na Figen Yuksekdag bapfungiwe ku mihana yabo mu gihe bariko barabagirako amatohoza y’iterabwoba, nk’uko abo mu nzego zijejwe umutekano babibwiye ibinyamakuru vyo muri Turkia.

Inyuma y’amasaha make Demirtas afatiwe i Diyarbakir, imodoka itezwemwo bombe yaciye ihaturikira, ikomeretsa abantu 20.

BBC ivuga ko imodoka zitwara abarwaye zaboneka zigira uruja n’uruza aho ico kibombe caturikiye, hakaba hari n’inkuru ko umuntu yoba yapfiriye hagufi inzu y’igiporisi. Umupfasoni Yuksekdag nawe apfungiwe ku mugwa mukuru Ankara.

Igihugu ca Turkia kiracagengwa n’ibihe bidasanzwe vyashizweho inyuma y’igeragezwa ry’itembagazwa ry’ubutegetsi.

Ivyo bihe bidasanzwe igihugu kirimwo biha akaryo umukuru w’igihugu Recep Tayyip Erdogan hamwe na Reta yiwe, ko gufata ingingo batarinze kubaza inama nshingamateka, ari navyo bituma haba ukugabanya canke kubuza uburenganzira bwo kwishira no kwizana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.