Turkia : Abasirikare bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi baciriwe urubanza

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 5 Gitugutu 2017 saa 09:49
Yasomwe : 7524
0 0

Sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Turikiya yaciriye urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose abantu bagera kuri 30 bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi, hamwe n’ukugerageza kugandagura umukuru w’ico gihugu, Recep Tayyip Erdogan.

Muri abo bantu 30 baciriwe urwo rubanza, benshi muribo ni intwazangabo zo ku rwego rwo hejuru, bakaba bagirizwa ko bagerageje kugandagura umukuru w’igihugu, umunsi haba ugushaka gutembagaza ubutegetsi.

Abo basirikare b’intwazangabo bagirizwa ko ukwo gushaka kugandagura umukuru w’igihugu babikoze mu gitero bakoze kw’ihoteri iri mu gisagara ca Marmaris, hafi y’aho umukuru w’igihugu Erdogan yari muri uwo mwanya haba ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Muri ico gitero, abaporisi babiri barahasize ubuzima.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha