Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkia : Uwuserukira Uburusiya yishwe
Turkia : Uwuserukira Uburusiya yishwe
mardi 20 Kigarama 2016, par
Umuporisi w’igihugu ca Turkia yishe arashe uwuserukira Uburusiya muri Turkia, Andrei Karlov, aca yitaba Imana ashikanwe kwa muganga.
Imboneshakure y’Uburusiya yatangaje ko uwo aserukira Uburusiya muri Turkia yarashwe mu gihe yari mu birori vy’ukwerekana amasanamu vyitwa "Russia as seen by Turks", akaba yarashwe mu gihe yariko ashikiriza ijambo abitavye ivyo birori, mu gisagara Ankara c’igihugu ca Turkia.
Andrei Karlov yarashwe amasasu umunani n’umuntu yari yambaye ikoti yirabura, mu kumurasa akaba yabanje kuvuga ati : “Ntimuzokwibagire ivya Aleppo, ntimuzokwibagire Syria". Mu nyuma yavuze mu rurimi rw’icarabu ati : "Allah Akbar", bisigura : "Imana niyo nkuru".

Biukaboneka ko uwo muntu yashatse kugaragaza akababaro kiwe, ku ruhare Uburusiya buriko buragira mu ntambara yo muri Syria imaze guhitana abatari bake. Uwo yamwishe yavuze kandi ati : “Turiko dupfira muri Aleppo, wewe urapfira aha nyene.”
Uwo yarashe Andrei Karlov ni umuporisi w’igihugu ca Turkia, azwi kw’zina rya Mevlut Mert Altintas, w’imyaka 22, nawe akaba yaciye yicwa arashwe n’abari bajejwe gucungera umutekano w’uwo aserukira Uburusiya muri Turkia.
IGIHE
Messages
20 Kigarama 2016, 15:12, par Adolphe Nshimirimana
Uko niko bizogendekera Peter Nkurunziza
21 Kigarama 2016, 06:41, par Nowera Nimbona
BAKOZE NAWE KUMUCIRURU BANZA NAWE RWIHUTIRWA,KUKU UWICISHISHIJE INKOTA NAWE YI CISHE INKOTA. URWO NIRWO RUZOCIRIRWA NKURUNZIZA, IGIHE GISHITSE.