Incamake

U E yongereje infashanyo ku mpunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 décembre 2017 saa 10:39
10335
0 0

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rigiye kwongera infashanyo riha impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya. Iyo nfashanyo izotanga ingana n’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’abanyaburaya.

Iyo nfashanyo yongewe ku yahora itangwa n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, izofasha mu kwongerereza infungurwa impunzi z’abarundi zishika ibihumbi 24 ziri muri Tanzaniya zahora zihabwa.

Christos Stylianides arongoye igisata co gufasha imbabare mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, amenyesha ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ridahengeshanya gushigikira abarundi, harimwo n’abatari bake bahunze igihugu muri iyi myaka iheze.

Yavuze kandi ko iyo nfashanyo yiyongereye izofasha kuronsa amakambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya ivyo yari abuze, kandi izofasha kugarukira ku mpunzi z’abarundi ibihumbi ziri muri ayo makambi.

Mwomenya ko infashanyo y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ku Burundi, icishwa mu mashirahamwe, ayo nayo agakorera mu bisata vy’isuku, amazi meza, no gukingira abanyagihugu bari mu bukene.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha