IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UA isaba ibihugu biyigize kuva muri sentare Mpuzamakungu CPI

UA isaba ibihugu biyigize kuva muri sentare Mpuzamakungu CPI

jeudi 2 Ruhuhuma 2017

Mu nama igira 28 y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika risaba ibihugu bigize ishirahamwe kuva muri Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha ikorera i La Haye.

Ingingo yo gusaba ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kuva muri Sentare Mpuzamakungu yafashwe inyuma y’impari zabaye hagati y’abakuru b’ibihugu ,mu nama yariko ibera i Addis-Abeba ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopiya ,kuwa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017.

Ibihugu vy’Uburundi na Afrika y’Epfo vyaramaze gufata ingingo yo kuva iyo sentare biyagiriza k’utubahiriza ubwigenge bw’ibihugu,hamwe no gukurikirana abava kuy mugabane wa Afrika gusa.

Sentare Mpuzamakungu irahakana ivyo yagirizwa ikamenyesha ko yoyo ikora igikorwa co gutunganiriza abakorewe amabi iyo bayituye.

Ibihugu 34 vyo ku mugabane wa Afrika nivyo vyashize umukono ku masezerano ya Roma,ashinga Sentare Mpuzamakungu. Gushika ubu,abava ku mugabane wa Afrika nibo iyo sentare ikurikirana.


IGIHE

Messages

  • Nimugumemwo nikuberiki mugomba guhunga?, mukoramabi arenzurugero nicogituma iyosentare muriko muragomba kuyihunga,kugira muzohore mwica, atankomakomyi! bakubesha muhunga mubesha, mwanse, ibihugu vya burayi vyabafasha mukuronka amahera yogufashisha abanyagihugu, mugaca muyahindira mukuyagura ibirwanisho vyoguhonya abantu, bazoce bayahagarika nivyo vyobabishimishije.

  • Mwarimuzi Ko Uburundi Burira Busema? Cenrd Nawe Ngira Icubivuzeko. We Nabado Kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.