Ubumwe bwa Buraya na Afrika bwemeranije kutarungika abasirikare muri Libiya

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 30 novembre 2017 saa 05:23
13215
0 0

Mu gihe hariko harabera inama rukokoma ihuza ibihugu vya Afrika n’ubumwe bwa buraya hamwe na ONU mu gisagara ca Abidjan muri Côte d’Ivoire, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko ritipfuza ko inteko za gisirikare zorungikwa mu gihugu ca Libiya kugira bagwanye urudandazwa rw’abantu.Ico ciyumviro kikaba cashigikiwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Ikibazo c’abimukira badandazwa mu gihugu ca Libiya caravuzwe cane mur’iyo nama kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2017 ihuza abaserukira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, ubumwe bwa Afrika hamwe na ONU.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron aho yariko atanga ikiganiro kw’iradiyo RFI yari yavuze ko bibaye ngombwa inteko mpuzamakungu za gisirikare zorungikwa mu gihugu ca Libiya mu ntumbero yo gukinga no guhagarika burundu idandazwa ry’abantu.

Inyuma y’umwiherero izo mpande zose zemeranije ko inteko za gisirikare zidakenewe, ariko bahurije ko hobanza hakamenyekana abashikiwe n’ubwo bubisha bakabakura mu gihugu ca Libiya, hama bakagwanya inzira zose urudandazwa rw’abantu rucamwo, hakamenyekana ababikora bagafatwa hamwe n’ababafasha kubijanye n’uburyo bagafatwa.

Twokwibutsa ko iyo nama rukokoma iriko ibera i Abidjan muri côte d’Ivoire iriko ihuza ibihugu 28 vya Buraya, n’abaserukiye umugabane wa Afrika bashika 5000. Uburundi bwoba butaserukiwe mur’iyo nama.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha