IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE:Inama nshingamateka isaba irekurwa ry’abapfungiwe ivyiyumviro vya (...)

UE:Inama nshingamateka isaba irekurwa ry’abapfungiwe ivyiyumviro vya politike

vendredi 20 Nzero 2017

Inama nshingamateka y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya isaba irekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa ry’abantu bose bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo vya politike.

Yisunze uko ibintu vyifashe mu Burundi, inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yibutsa abarongozi b’Uburundi kwubahiriza no gukingira agateka ka zina muntu.

Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya isaba ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kwongereza utwigoro twavyo mu gushigikira n’ugukingira abaharanira agateka ka zina muntu n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Muri izo ngingo zafashwe n’inama nshingamateka y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, isaba kandi abategetsi b’Uburundi kureka ibimenyeshamakuru bigakora mu maguru masha, no kurekurira abanyepolitike batavuga rumwe na Reta bari mu buhungiro gutaha mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • komudukanga? ivyoninavyo reta yacu iriko ikora nibatahe Bose. simwe mubagumije nabacibwimanza nibaze. mbegibijanye ningabo mpuzamakungu ntaco mubivugako?

  • Nibavuge,namate,azokama,nibaze,nabo,babarekure.Canke,bakore,nko,muri,libia.

  • Imana nzokwama ndayishima yadukuyeko ububasha bwababanya Bulaya.
    Jewe harihikintu kintangaza!!! None ubutundi burafise umushingamateka mwabaryabagize bomubumwe bwabulaya?
    Canke uburundi buri muribiryabihugu 27 bigize ubumwe bwa bulaya?
    Nombabutarimurivyo uburaya ndumva imbere yavyose bukwiye ubwambere kugiriranira ubucuti nu Burundi imbereyavyose hanyuma bugaheza bugatangura kuzaburafashanya nu Burundi, kuko uwomudafitaniye ubucuti biragorana guhanurana kuko icumubwiye cose ucunonekana nkuwushaka kumubangamira: akarorero n’Imana na Satani,
    Imana yipfuzako abayo bogendera kure ya Satani, Satani nayo iki gisha abayiyoboka kutumviriza ivy’Imana ivuga,
    Nu Burundi nu Bulaya uyumusi niko bimeze, kuko uburaya bubwira abakoze kudeta nabarincutizabo ngobirinde kwegera uburundi na reta yuburundi maze bakabaha inirwanisho ninama ngozokuzotuma reta yuburundi ivaho ngomaze bagashiraho abobashaka.
    Reta yuburundi nayo ikabwira abarundi Iti ubulaya mubwirinde.
    Mivyukuri reta yuburundi ndayitahura cane, kuko ntakuntu ununtu yogerageza gukubitakudeta, agaturira abantunibintu agashora amasasu mubanyagihugu nokumakambi yagisirikare agatikiza ibintu nabantu maze wamubuza akacayiruka murubwo bulaya maze ubulayango nimwigumirengaho mbere bukacabuhamagarira reta yuburundi ngwababantu bananiwe kugutembagaza ngokirazira Ko bazorengukishwa imbere yubutungane! Muvyukuri atarigusengera ubwoburaya nokora ibindivyose bakora sinotinya kibabwirako ivyobariko barakora ntibinezera Imana , ninacogituma kandintotinya kubabwirako bokwitegura mumisintazi kobazokubitwa akanwafu na Mushonoravyose ngora kozotuma bava inyuma yu Burundi nabarundi nkuko Farawo nabiwe bakubitiwe akanwafu mwarwaruzi bibaza ngobashaka guhasha abanya isirayeli.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.