IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UPA isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya guhagarika ibihano ryafatiye (...)

UPA isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya guhagarika ibihano ryafatiye Uburundi

jeudi 24 mai 2018

Mw’itangazo, ihuriro ry’amanama nshingamateka na nkenguzamateka yo ku mugabane wa Afrika basohoye ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 23 Rusama 2018, rimenyesha ko ibijanye na poritike, imibano n’umutekano vyateye imbere mu Burundi.

Ihuriro ry’amanama nshingamateka na nkenguzamateka yo ku mugabane wa Afrika,UPA, rihamagarira abarongoye Uburundi gutsimbataza amahoro n’ubumwe, bakomeze kandi Reta isshingiye ku mategeko n’intwaro rusangi, biciye mu biganiro vyamaho.

Mu gihe inama y’isoko rusangi y’ibihugu vyo hagati no mu bumanuko bwa Afrika, COMESA yari itegekanijwe kubera mu Burundi ariko ikimurirwa mu gihugu ca Zambiya kw’isanga ritarashirwa ahabona, Ihuriro ry’amanama nshingamateka na nkenguzamateka yo ku mugabane wa Afrika, risaba ko COMESA yokurikira iryo huriro na CECAFA iheruka kubera mu Burundi, bakaza kugirira inama mu Burundi.

Mwomenya ko inama y’umurwi nyobozi w’ihuriro ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka zo ku mugabane wa Afrika yabereye mu Burundi, kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kurya 23 Rusama 2018, ibihugu 26 akaba arivyo vyaserukiwe muri iyo nama.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • NUKUVUGA U BURUNDI BUGEZE KUNTAMBWE IHAGIJE KUBIJANYE NA DEMOCLASI ABARUNDI TWARI DUKWIYE GUFATANA MUNDA TUKIYUBAKIRA IGIHUGU TUTARAVYE IVYA MOKO HAMA UBUFARASA NIBUTUREKE KUKO TURAMAZE GUTANDUKANYA UMWANSI NUMUKUNZI W IGIHUGU C UBURUNDI MANA RINDA UBURUNDI NA BARUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.