IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Abantu 10 baramaze gupfa bahitanywe n’umuriro mu ntara ya (...)

Amerika : Abantu 10 baramaze gupfa bahitanywe n’umuriro mu ntara ya California

mardi 10 Gitugutu 2017

Amakuru ava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika amenyesha kandi ko abantu baharurwa mu majana bamaze guhunga izabo , inzu zirenga 1500 nazo zirasha.

Amakuru y’iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko abategetsi mu ntara ya California bavuze ko abantu indwi bapfuye mu ntara ya Sonoma, abarenga 20000 nabo barahunga intara za Napa, Sonoma na Yuba.

Umukuru w’intara ya California yamaze kuvuga ko intara arongoye iri mu bihe bidasanzwe kuko uwo muriro umaze kwonona ibintu vya nkenerwa bitari bike, harimwo n’ubuzima bw’abantu.

Bivugwa ko hariho abandi bantu bakomeretse kandi hari n’abo bataramenya irengero ryabo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.