Incamake

USA : Abantu 11 bapfuye bahitanywe n’imbeho

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 4 janvier 2018 saa 05:12
27600
0 0

Abantu 11 nibo bapfuye bivuye ku mbeho iri ku gipimo co hejuru yibonekeje mu Buseruko bw’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abahinga mu bijanye n’ibirere bameyesheje ko igipimo c’imbeho kiri hejuru kizobandanya na cane cane mu bice vy’intara ya Florida yaho muri Amerika, iyo nayo
yatanguye igihe c’umusi mukuru wa Noweri.

Vyitezwe ko hashobora kuba umuyaga mwinshi uturutse kurii yo mbeho bivugwa ko ishobora guhera mu mpera z’iyi ndwi.

Amakuru ava aho muri Amerika ashikiriza ko iyo mbeho iri ku gipimo co hejuru ishobora gutuma ibiti hamwe n’inyubako zitandukanye vyononekara,bikaba vyatumye amashure menshi mu bice bitandukanye yugara.

Ibisagara vyitezwe ko bishobora kugira ingaruka zivuye kuri iyo mbeho ni Boston hamwe n’igisagara ca Orlando co mu ntara ya Florida.


Kumenyekanisha

1
niyonkuru innocent 5-01-2018 à 17:34

no way because it no possible

2
fabien nkurunziza buzizi 5-01-2018 à 15:32

Andika hano biranezeye cane ku bona ibiganiro bishoboka kugururwa maze hakaboneka amahoro murivyo bihugu bibiri. imana ibifashe amahoro aboneke

3
HAVYARIMANA Juvénal 5-01-2018 à 07:21

Birababaj ku gihugu giteye. imbere nka USA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha