IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Abashingamateka b’abarepublikani bemeje ko Putin atashigikiye Trump mu (...)

USA : Abashingamateka b’abarepublikani bemeje ko Putin atashigikiye Trump mu matora

mardi 13 mars 2018

Abo bashingamateka bamenyesheje ko ata kimenyetso babonye ko ibikorwa vyo kwiyamamariza Donald Trump vyagize aho bihurira n’Uburusiya, bakaba bagiye guhagarika iperereza ryari rimaze umwaka rikorwa.

Ivyiyumviro vyabo bashingamateka ariko, vyitezwe ko bitazohurizwako n’abashingamateka b’abadémocrate, kandi ko bishobora gutera ukutavuga rumwe ku murwi ujejwe guperereza ku ruhara rw’Uburusiya mu matora aheruka.

Umukuru w’igihugu Donald Trump yakiranye umunezero iyo nkuru, anavyerekanira ku rubuga rwiwe rwa Twitter aho yanditse, akoresheje indome nkuru,avuga ati :

"Umurwi ujejwe iperereza, inyuma y’amezi 14 y’iperereza, nta bimenyetso yabonye vyo kwinjirirwa canke gukorana n’Uburusiya mu kwamamaza Trump mu ntumbero yo kugena ibizova mu matora yo muri 2016.”

Ingingo y’aba- républicains yo guhagarika iry perereza, ifashwe mu gihe Robert Mueller nawe yahawe gukurikirana iki kibazo, ariko akora yihuta iperereza ariko arakora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.