USA: Abashingamateka batoye itegeko rishiraho ibihano bishasha kuri Irani

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 Mukakaro 2017 saa 11:48
Yasomwe : 2925
0 0

Abashingamateka b’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika batoye itegeko rishiraho ibihano bishasha ku gihugu ca Irani, mu gihe ico gihugu cobandanya guhungabanya umutekano mu karere k’ubuseruko.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Mukakaro 2017, abategetsi b’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko bazofata ibindi bihano ku gihugu ca Irani mu gihe cobandanya gushigikira imirwi y’iterabwoba, guhingura ibirwanisho vya misile hamwe no kwirengagiza amasezerano ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda.

Ingingo yemejwe n’abashingamateka, itegekanya gufatira ibihano ibihugu vya Koreya ya Ruguru bivuye ku birwanisho vya misile ibandanya kugerageza mu kirere, hamwe n’Uburusiya hisunzwe ko bivugwa ko ico gihugu civanze mu bijanye n’amatora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ingingo y’iryo tegeko itowe mu gihe ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump vyari vyagerageje kurihagarika kugira itegeko rya Prezida Trump ku bijanye no gukura ivyo bihano rirengane.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha