IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA:Barack Obama yashimiye icegera ciwe Joe Biden

USA:Barack Obama yashimiye icegera ciwe Joe Biden

vendredi 13 Nzero 2017

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yahaye umudari icegera ciwe, Joe Biden, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12 Nzero 2017, umudari w’ubwigenge.

Ibirori vyo kumushikiriza uwo mudari vyabereye ahakorera umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,kari n’akaryo ko gusezerana mu gihe hasigaye iminsi indwi gusa ngo Barack Obama ashikirize ubutegetsi Donald Trumpa aheruka gutorwa.

Ivyo birori vyitabwe n’abamenyeshamakuru batari bake. Kuronka uwo mudari vyabaye ibitari vyitezwe na Joe Biden. Barack Obama yakeje icegera ciwe kuvyo yakoreye Igihugu haraheze imyaka itari mike, mu kuvuga ko ivyo yakoze bizohora vyibukwa n’urunganwe rwo mu myaka iri imbere.

Mw’ijambo yashikirije ryo gushima, Joe Biden yashimiye umuryango wiwe, yongera akeza umukuru w’igihugu Obama ku bikorwa yaranguye. Biden yashimagije Barack Obama k’ubutwari yerekanye, avuga ko ata Mukuru w’Igihugu yigeze abona afise ingabire nk’iziwe.

Joe Biden yaheraheje avuga ko muvyazohora yibuka harimwo ko yakoranye n’umugabo adasanzwe, yakoreye Igihugu ibidasanzwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.