USA : Donald Trump asabwa kutemeza Yerusaremu nk’umurwa mukuru wa Isirayeri

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 6 Kigarama 2017 saa 10:28
Yasomwe : 8289
0 0

Inyuma y’aho ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika bimenyesheje ko ico gihugu kigiye kwemeza ko Yerusaremu ari umurwa mukuru w’igihugu ca Israel, ibihugu bitari bike vyasavye umukuru w’igihugu Donald Trump kudaha agaciro ivyo vyashikirijwe na Trump.

Umukuru w’igihugu ca Turquie Recep Tayyip Erdogan yashikirije ko ibibazo bizanje n’igisagara ca Yerusaremu ari umurongo utukura ku bemera idini rya Isiramu.

Tayyip Erdogan yavuze ati : « Ikibazo ca Yerusaremu ni umurongo utukura kw’idini rya Isiramu, ku buryo igihugu canje cohava kivavanura na Israel "

Kubw’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron, yasavye mugenzi we wa Reta zunze ubumwe za Amerika kudaha agaciro ivyo vyashikirijwe.

N’aho igisagara ca Yerusaremu kitazwi n’umuryango mpuzamakungu Onu nk’umugwa mukuru wa Israel, ibihugu vya Israel na Palestine bisanzwe bigwanira ico gisagara kimwe kivuga ko ari umugwa mukuru waco.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha