IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Donald Trump ashobora kwongereza ibihano ku gihugu ca Cuba

USA: Donald Trump ashobora kwongereza ibihano ku gihugu ca Cuba

vendredi 16 Ruheshi 2017

Iradiyo y’Abongereza BBC imenyesha ko , ivyitezwe guhagarikwa na Donald Trump hariho guhagarika urudandazwa hagati ya Amerika na Cuba igiisata vy’ingenzi hamwe n’igisata c’igisirikare.

Abakwirikiranira hafi ivya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko biboneka ko Donald Trump ashaka guhindura ivyo Barack Obama vyose yashitseko igihe yari k’ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika .

Izo nkuru zibandanya zivuga ko,aho Barack Obama yari yaragabanije inguvu z’ibihano vy’uruja n’uruza hagati ya Amerika na Cuba mu ntumbero yo kunagura imigenderanire iri hagati y’ivyo bihugu bibiri ,vyitezwe ko Donald Trump wewe aza kwongereza ivyo bihano aho azoba ari mu gisagara ca Miami .

Abanyamerika bazorekurigwa kuja muri iryo zinga ari uko hagiyeho umurwi uzwi uvyiga.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.