USA:Donald Trump yemeje Yerusaremu kuba umugwa mukuru wa Isirayeri

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 7 décembre 2017 saa 11:48
Yasomwe :
0 0

Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump yemeje ko Yerusaremu ari umurwa mukuru w’igihugu ca Isirayeri ,ivyo yabishikirije inyuma yaho abakuru b’iibihugu batari bake kw’isi bamubujije kwemeza iyo ngingo.

Donald Trump yategetse ko ibiro biserukira igihugu ciwe muri Isirayeri biva mu gisagara ca Tel Aviv bikungururizwa i Yerusaremu.

Abakuru b’ibihugu batari bake kw’isi biyamirije iyo ngingo yafashwe na Donald Trump ,kubwa Emmanuel Macron atwara igihugu c’Ubufaransa yavuze ati : “ Iyo ngingo yafashwe irababaje ,igihugu c’Ubufaransa ntikiyishigikiye na gato ndetse iyo ngingo iciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu hamwe n’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kuko ikibazo ca Yerusaremu cotorewe umuti biciye mu biganiro hagati y’abanyisirayeri ukwabo hamwe n’abanyeparesitina bihagarikiwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu Onu”.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi ,Angel Merkel yamenyesheje ko reta yiwe idashigikiye iyo ngingo, kuko umuti w’ico kibazo uri hagati y’Abanyaisirayeri ukwabo hamwe n’Abanyeparesitina.

Igihugu ca Iran cashikirije ko kitazokwihanganira na gato iyo ngingo aho kiyifata nko guhungabanya hamwe no guhonyanga ibibanza vyeranda vy’idini rya isiramu.

Bitegekanijweko ejo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017 inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano izokorana kugira yige iyo ngingo yafashwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha