USA: Hibutswe imyaka 16 iheze inyubakwa World Trade Center itewe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 Nyakanga 2017 saa 04:45
Yasomwe : 4842
0 0

Mu ntumbero yo kwibuka imyaka 16 iheze habaye igitero c’abihevyi mu gisagara ca New York ku nzu y’ubudandaji World Trade Center , hagapfa abantu 2997,kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Nyakanga 2017, muri ico gisagara haracanwa amatara mu ntumbero yo kwibuka uwo munsi ntibagiranwa muri kahise k’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Hari nk’igihe c’isaha zitatu z’igitondo kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2001,aho inzu ya mbere yahenuka igonzwe n’indege yari yanyurujwe n’abihevye bafise ico bahuriyeko n’umurwi w’intagondwa z’aba islam Al Qaeda.

Inyuma y’isaha imwe gusa, iyindi nzu yaraguye ,iyindi ifatwa n’umuriro, abantu 2763 bari muri ayo mazu barapfa, harimwo 10 bagize icoo gitero.

Kuva ico gihe, uko umwaka uheze ahahoze izo nyubakwa hacanwa urumuri kugira bibuke inzirakarengane zaguye muri ivyo bitero.

Urwo rumuri rucanwa izuba rirenze kw’itariki ya 11 Nyakanga rukazima mu bucagucagu bwo kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga,uko umwaka utashe.

Amatara yaka kuri uyu munsi afise umuco udasanzwe yashizweho inyuma y’amezi atandatu igitero kibaye,ariko ubu vyarabaye nk’umuco ko uko umwaka utashe vyama bikorwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha