Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Igiporisi catanze umwidondoro w’uwakoze igitero ku cicaro ca (...)
USA : Igiporisi catanze umwidondoro w’uwakoze igitero ku cicaro ca Youtube
mercredi 4 avril 2018
Uwurongoye igiporisi muri San Bruno, Ed Barberini yabwiye itororokanirizo ry’amakuru CNN ko uwitwa Nasim Aghdam ariwe yakoze igitero, kandi ko ikiziga ciwe, bagisanze aho vyabereye, biboneka nawe ko yirashe.
Uretse batatu yarashe, harimwo n’uwundi umwe yakomeretse igihe abantu basunikana bariko barahunga.
Umukuru w’igiporisi Ed Barberini,avuga ko icatumye uwo mugore Nasim Aghdam akora ubwo bugizi bwa nabi kitaramenyekana, ariko bibaza ko umwe mubo yarashe ari umukunzi wiwe.
Ayandi makuru avuga ko uwo mugore, yagiye yerekana kenshi ko Youtube idatanga uburenganzira bungana, yagiriza Youtube ko rutuma abantu bataraba amashusho yerekeranye n’uburenganzira bw’ibikoko, ibifungurwa bitarimwo, inyama n’ibindi.
Umwe mu bari hafi y’icicaro ca Youtube igihe igitero caba, yavuze ko amasasu agitangura babanje kutemera ko arivyo, ariko mu nyuma babona ko bishobora kuba bikomeye batangura kugundana basohoka.
Abinyujije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yahojeje abakozweko n’ico gitero, ashimira n’igiporisi catabaye kare.
MUGISHA Van Naris