IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Igiporisi catanze umwidondoro w’uwakoze igitero ku cicaro ca (...)

USA : Igiporisi catanze umwidondoro w’uwakoze igitero ku cicaro ca Youtube

mercredi 4 avril 2018

Uwurongoye igiporisi muri San Bruno, Ed Barberini yabwiye itororokanirizo ry’amakuru CNN ko uwitwa Nasim Aghdam ariwe yakoze igitero, kandi ko ikiziga ciwe, bagisanze aho vyabereye, biboneka nawe ko yirashe.

Uretse batatu yarashe, harimwo n’uwundi umwe yakomeretse igihe abantu basunikana bariko barahunga.

Umukuru w’igiporisi Ed Barberini,avuga ko icatumye uwo mugore Nasim Aghdam akora ubwo bugizi bwa nabi kitaramenyekana, ariko bibaza ko umwe mubo yarashe ari umukunzi wiwe.

Ayandi makuru avuga ko uwo mugore, yagiye yerekana kenshi ko Youtube idatanga uburenganzira bungana, yagiriza Youtube ko rutuma abantu bataraba amashusho yerekeranye n’uburenganzira bw’ibikoko, ibifungurwa bitarimwo, inyama n’ibindi.

Umwe mu bari hafi y’icicaro ca Youtube igihe igitero caba, yavuze ko amasasu agitangura babanje kutemera ko arivyo, ariko mu nyuma babona ko bishobora kuba bikomeye batangura kugundana basohoka.

Abinyujije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yahojeje abakozweko n’ico gitero, ashimira n’igiporisi catabaye kare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.