Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA : Intumwa zibandanya kwitegurira umubonano hagati ya Donald Trump na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Intumwa zibandanya kwitegurira umubonano hagati ya Donald Trump na (...)

USA : Intumwa zibandanya kwitegurira umubonano hagati ya Donald Trump na Kim Jong Un

lundi 11 juin 2018

Urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, rumenyesha ko ariwo mubonano wa mbere muri kahise, uhuje umutegetsi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’uwa Koreya yo mu Buraruko.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko intumwa za Amerika n’iza Koreya yo mu Buraruko zamaranye amasaha abiri mw’ihoteri Ritz, baganira mu buryo bwiyaguye ku mubonano hagati y’abakuru b’ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya yo mu Buraruko.

Mu vyo bavuganye, abanyamerika boba basavye ko mu masezerano yoshirwako umukono Koreya yo mu Buraruko yokwemera guhagarika gukora ibirwanisho ruhonyanganda mu buryo buboneka kandi ntibisubire, bakaronka n’ikirangaminzi c’uko bizokorwa, mu gihe Koreya yo mu Buraruko isaba ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishinga ikibanza c’ihuriro ku murwa mukuru Pyongyang.

Ku ruhande rwiwe, Donald Trump yari yamenyesheje ko ashobora kuzotumako, umukuru w’igihugu wa Koreya yo mu Buraruko kugira bahurire I Washingaton, mu kwezi kwa Nyakanga 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.