USA : Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu mu bijanye n’ubutunzi yatanze imihoho

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 mars 2018 saa 11:30
5220
0 0

Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu bijanye n’ubutunzi Gary Cohn yaratanze imihoho muri ayo mabanga. Gary Cohn yavuze ko atashimishijwe n’ingingo y’umukuru w’igihugu Donald Trump,ku bijanye n’amatagisi ku vyuma vyo mu bwoko bwa Alminium vyinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Gary Cohn niwe yari arongoye ivyiyumviro vyari mu nteguro y’itegeko rijanye no kugabanya amakori ryatowe n’inama nshingamateka mu kwezi kwa Kigarama 2017.

Mw’itangazo yashize ahabona, umukuru w’igihugu Donald Trump yashimiye Cohn ku kazi gakomeye yakoze amufasha gushira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu, yemeza ko afise ubuhinga yisangije.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, amenyesha ko ibiro vy’umukuru w’igihugu ,White House, yahakanye ko atatanze imihoho kubera ingingo zikomeye zifatwa na Donald Trump mu bijanye n’ubudandaji.

Gary Cohn abaye uwugira icenda atanze imihoho canke akirukanwa mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, White House, kuva Donald Trump agiye ku butegetsi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha