Incamake

USA:Umukobwa w’umukuru w’igihugu yitavye ibirori vyo gusozera inkino zibera muri Koreya y’Epfo

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 février 2018 saa 04:46
14115
0 0

Umukobwa w’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika , Ivanka Trump yashitse muri Koreya y’Epfo arongoye umurwi wa Amerika mu birori vya nyuma vy’inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi, ziba mu bihe vy’imbeho.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyamusavye kuja muri ivyo birori , arongoye umurwi waserukiye Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umwe mu basirikare bakomeye bo muri Koreya ya Ruguru, Jenerali Kim Yong-chol, nawe nyene azoba ari muri ivyo birori bitegekanijwe ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2018.

Naho biri uko, ubutegetsi bwa Korea Y’Epfo buvuga ko ata nama itegekanijwe hagati ya Koreya ya Ruguru hamwe naReta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ivanka Trump arasangira ku meza imwe n’umukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo, kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018.

Inkino zo kunonora imitsi ziba mu gihe c’imbeho, zatanguye kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, zikaba ziriko zibera mu gisagara ca Pyeongchang muri Koreya y’Eepfo.


Kumenyekanisha

1
ndikumana callixte 26-02-2018 à 09:04

buraca biraza !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha