IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA:Umukuru w’igihugu Donald Trump arahakana ko atari umunyamacakubiri

USA:Umukuru w’igihugu Donald Trump arahakana ko atari umunyamacakubiri

lundi 15 janvier 2018

Ivyo yabishikirije mu gihe mu ndwi iheze yagirizwa ko yakoresheje amajambo y’amacakubiri mu nama yarimwo ijanye n’ivyokorwa ku mategeko y’abimukira.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko,umukuru w’igihugu Donald Trump yahakanye ko atari umunyamacakubiri mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana buca ari ku wa mbere, mu gihe yari kumwe n’abamenyeshamakuru bakorera mu nyubakwa yitwa International Golf Club iri ahitwa West Palm Beach mu ntara ya Florida.

Mwomenya ko atari irya mbere umukuru w’igihugu yagirizwa kugira amacakubiri ,kuva yiyamamariza gutwara ico gihugu mu mwaka wa 2016 abanyagihugu batari bake bamwiyamirije bamunegura kuba agendera ku macakubiri na cane cane akumira abimukira .


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.