Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA : Umutegetsi akomeye muri Koreya ya Ruguru yabonanye n’umunyamabanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Umutegetsi akomeye muri Koreya ya Ruguru yabonanye n’umunyamabanga (...)

USA : Umutegetsi akomeye muri Koreya ya Ruguru yabonanye n’umunyamabanga ajejwe imigenderanire

jeudi 31 mai 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Gen Kim Yong-chol yasangiye na Mike Pompeo avuye mu Bushinwa, kandi bitegekanijwe ko basubira kubonana kandi ku munsi wa kabiri.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko Gen Kim Yong-chol, ariwe mutegetsi wa mbere akomeye wo muri Koreya ya ruguru agendeye Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu myaka yababa 20.

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yari yahevye uwo mubonano utegekanijwe kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, ariko kuva ico gihe impande zose ziriko ziragira utwigoro kugira ube nk’uko vyari biteguwe.

Uwo mubonano utegekanijwe kubera mu gihugu ca Singapour, ushobora kuba uwa mbere uhuje umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika akiri ku butegetsi nuwa Koreya ya ruguru.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.