Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Umutegetsi akomeye muri Koreya ya Ruguru yabonanye n’umunyamabanga (...)
USA : Umutegetsi akomeye muri Koreya ya Ruguru yabonanye n’umunyamabanga ajejwe imigenderanire
jeudi 31 mai 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Gen Kim Yong-chol yasangiye na Mike Pompeo avuye mu Bushinwa, kandi bitegekanijwe ko basubira kubonana kandi ku munsi wa kabiri.
Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko Gen Kim Yong-chol, ariwe mutegetsi wa mbere akomeye wo muri Koreya ya ruguru agendeye Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu myaka yababa 20.
Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yari yahevye uwo mubonano utegekanijwe kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, ariko kuva ico gihe impande zose ziriko ziragira utwigoro kugira ube nk’uko vyari biteguwe.
Uwo mubonano utegekanijwe kubera mu gihugu ca Singapour, ushobora kuba uwa mbere uhuje umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika akiri ku butegetsi nuwa Koreya ya ruguru.
MUGISHA Van Naris