IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umwuzure watumye abantu 2000 bahunga igisagara ca (...)

Amerika : Umwuzure watumye abantu 2000 bahunga igisagara ca Houston

mardi 29 Myandagaro 2017

Umukuru w’intara ya Texas Greg Abbott, ibangamiwe cane n’igihuhusi ciswe Harvey yavuze ko naho hari amakuru yavuga ko hari abapfuye, wewe adashobora kwemeza ko hari abapfuye bivuye kuri uwo mwuzure.

Uwundi mutegetsi mu karere ka Harris kari mu gisagara ca Houston, Darryl Coleman yavuze ko amatohoza akibandanya kugira bamenye namba hari abapfuye bahitanywe n’umwuzure.

Abantu 2000 bahungishijwe umwuzure mu gisagara ca Houston, mu gihe igihuhusi Harvey cariko kirabica bigacika, n’imvura nyinshi mu ntara ya Texas.

Igisata kijejwe gukurikirana ihindagurika ry’ikirere kivuga ko hari ihindagurika ry’ikirere muri ako karere, ku rugero rutari bwigere ruboneka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.