Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Uwahora arongoye FBI arisigura imbere y’umurwi w’abakenguzamateka
USA: Uwahora arongoye FBI arisigura imbere y’umurwi w’abakenguzamateka
jeudi 8 Ruheshi 2017
Ibinyamakuru mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko James Comey yahoze arongoye FBI yabwiye umushikirizamanza mukuru Jeff Sessions ko atipfuza kuguma wenyene ari kumwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump.
Ico kikaba ari kimwe mu birego bikomeye vyerekeye umukuru w’igihugu ca Reta Zuzne Ubumwe za Amerika Donald Trump n’itohoza rikogwa ku Burusiya ko bwoba bwaragize uruhara mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka wa 2016.
James Comey yashikirije ayo majambo imbere yuko ashikiriza ivyo azi imbere yumurwi w’inama nkenguzamateka,kuri uno wa kane igenekerezo rya 8 Ruheshi 2017.
Ibinyamakuru Washington Post, New York Times, na Politico bivuga ko imigenderanirehagati y’umushikirizamanza mukuru Jeff Sessions n’umukuru w’igihugu Donald Trump yatanguye gucumbagira igihe Jeff Sessions yikura mu matohoza yerekeye Uburusiya.
Umushikirizamanza mukuru Jeff Sessions yari yashatse gutanga imihoho ariko umukuru w’igihugu Donald Trump aramwankira.
MUGISHA Van Naris