IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububasha bw’umushikiranganji wa mbere mu nteguro y’ibwirizwa shingiro (...)

Ububasha bw’umushikiranganji wa mbere mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha

vendredi 15 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ingingo ya 129 ivuga ko umushikiranganji wa Mbere ariwe arongora Reta. Ingingo ya 130 nayo ikavuga ko ibikorwa vya Reta bikurikiranirwa hafi n’Umushikiranganji wa Mbere agenwa n’Umukuru w’Igihugu, abanje kwemezwa n’abagize Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka bamwe bose bagatora ukwabo ku bice birenga ica kabiri c’abatoye.

Muri iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro bavuga ko umushikiranganji wa Mbere ategerezwa kuba afise ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye.

Ingingo ya 131 ishikiriza ko Umushikiranganji wa Mbere afata ingingo biciye mw’itegeko ry’Umushikiranganji wa Mbere. Arafata ingingo zose z’ishirwa mu ngiro ry’amategeko y’Umukuru w’Igihugu.

Abashikiranganji nabo bashinzwe ishirwa mu ngiro ry’ayo mategeko nabo nyene barashira umukono ku mategeko y’ Umushikiranganji wa Mbere.

Ingingo ya 132 ivuga ko Umushikiranganji wa Mbere n’Abashikiranganji babarizwa hamwe ivyo bashinzwe imbere y’Umukuru w’Igihugu. Bishitse Umushikiranganji wa Mbere agatanga imihoho, ajana n’abagize Reta bose.

Ingingo ya 133 imenyesha ko Umushikiranganji wa Mbere ariwe ashinzwe kuremesha no gutunganya ibikorwa vya Reta.

Muri iyo ngingo baratomora : "Umushikiranganji wa Mbere niwe akoranya abashikiranganji mu gutegura Inama Nshikiranganji. Amategeko ntunganyabikorwa ya Reta aratomora uwuremesha ibikorwa vya Reta n’uwubikurikiranira hafi igihe Umushikiranganji wa Mbere afatiriwe."

Iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha ivuga ko abagize urwego Nshikiranganji barakurikiranwa ku vyaha bakoze bagishinzwe amabanga y’igihugu, kandi ko bacirwa urubanza muri Sentare Ntahinyuzwa.

Amatora y’ukwemeza canke guhakana integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha (Référendum) ategekanijwe mu kwezi kwa Rusama 2018.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.