Ububirigi:Abantu 3 bishwe barashwe

Yanditswe na Bikorimana Vianney
Kuya 29 May 2018 saa 03:35
12150
0 0

Abantu 3 nibo bishwe barashwe mu buseruko bw’igihugu c’Ububirigi ahitwa i Liege muri 3 bishwe hakaba harimwo abaporisi 2 .

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako uyo mugabo yarashe abo bantu 3 yarashwe n’igiporisi inyuma yaho agiriye ingwati umupfasoni akubura mu kigo c’ishure.

Ayo makuru abandanya avuga ko hari n’abandi baporisi 2 bakomeretse.

Gushika ubu ntiharamenyekana imvo zatumye uyo mugabo akora iryo bara.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu w’ico gihugu Jan Jambon yashikirije ko ikigo kijejwe gukurikiranira hafi ibijanye n’iterabwoba kiriko kiratohoza ivyabaye.

Ububiligi buguma bugavye kuva habaye igitero co mu 2016 ciyitiriwe n’umugwi wa Etat Islamique cahitanye abantu 32.

Kuva mu mwaka wa 2016 habaye igitero cahitanye ubuzima bw’abantu 32,igihugu c’ububirigi kiguma kigavye mu ntumbero yo guhangana n’ubwo bubisha.


Kumenyekanisha

1
zebras 30-05-2018 à 14:24

je pensais que la belgique est un pays des anges et les saint.nibitosore urumva ko ari ikibazo gkmey onu ikirabir hafi

2
Bi Jerome 29-05-2018 à 19:02

1Niharungikweyo Zanteko Bagomba Kuzana Iwacu
2Nibihute Baje Mubiganiro Barabe Ingene Bogabangana Ubutegetsi
3 Nibatuveko Niwabo Biranse

3
BOSCO 29-05-2018 à 17:56

none kobama bariko bifatira igihugu cu burundi ngonico gipfamwabantu gusa iwaboho vyagenze gut?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha