Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububirigi : Ibiganiro bihuza Ubwongereza n’ubumwe bwa Buraya (...)
Ububirigi : Ibiganiro bihuza Ubwongereza n’ubumwe bwa Buraya vyatanguye
lundi 19 Ruheshi 2017, par
Igihugu c’Ubwongereza kimenyesha ko icipfuzo nyamukuru ari uko hagati y’iyo migwi ibiri boshika ku masezerano azofasha no muri kazoza kugira bose bayaronkemwo akarusho, ariko ibihugu bikiri muri uwo muryango vyagabishije igihugu c’Ubwongereza ko kiramutsa kivuye muri uwo muryango, ko kitazosubira gufatwa nkuko cawuhoramwo.
Mu biganiro bitegekanijwe kuri uwu wa mbere hagati ya Reta y’Ubwongereza n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya, baza kurabira hamwe uburenganzira bw’abakozi b’abanyamahanga, ibibazo bijanye n’urubibe rwa Reta ya Irlande yo mu buraruko hamwe no kurabira hamwe ivyo Ubwongereza butegerezwa kwishura ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya.
Mwomenya ko haheze umwaka igihugu c’Ubwongereza cemeje mu matora y’akamarampaka, ingingo y’ukuva mu muryango w’ishirahamwe w’ibihugu vya Buraya.

Vianney BIKORIMANA