Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Imodoka yo mu bwoko bwa "Camion" yishe abantu 12 bari mu (...)
Ubudagi : Imodoka yo mu bwoko bwa "Camion" yishe abantu 12 bari mu kaguriro
mardi 20 Kigarama 2016, par
Imodoka yo mu bwoko bwa "Camion" yiraye mu bantu benshi bari mu kaguriro ka Noweli mu gisagara ca Berlin, mu gihugu c’Ubudagi, yica abantu bagera kuri 12 abandi baharurwa muri 48 barakomereka bikomeye.
Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abajejwe igendereza mu Budagi bakaba bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira barabe namba ivyo vyabaye ryoba ari isanganya canke igikorwa c’iterabwoba cakozwe nkana.

Igiporisi c’Ubudagi kikaba caciye gita muri yompi umugabo yariko yiyunguruza n’amaguru, hafi y’ahaguye iryo bara, kugira amatohoza akorwe y’ukuraba namba atoba afise uruhara mu vyari bihejeje kuba.
Iyo modoka "Camion" basanze ifise ibiyiranga vyo mu gihugu ca Pologne, n’uwariko arayunguruza akaba ari umudereva wo mu gihugu ca Pologne. nawe nyene ari muri abo bapfuye.
Nyene ikigo iyo modoka yakoreramwo, Ariel Zurawski, yabwiye imboneshakure yigenga yo muri Pologne, TVN 24, ko iyo modoka yari itwaye ivyuma vy’ubwubatsi, akavuga ko ishobora kuba yaragonze abo bantu kubw’isanganya.

IGIHE
Messages
21 Kigarama 2016, 22:04, par Daniela
Ugo,nurupfu,rwakaniko,none,uwo,yagendanamaguru,bamuhoyiki?Wawundi,ati,urubuze,inkware,ruvumbukana,igihuna,ntiyabeshe.Ntibabe,baca,bayiturira?