IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa: Abasirikare batandatu bakomerekeye mu gitero c’imodoka

Ubufaransa: Abasirikare batandatu bakomerekeye mu gitero c’imodoka

mercredi 9 Myandagaro 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’amanyamerika Voix d’Amerique amenyesha ko abaporisi b’igihugu c’Ubufaransa barashe kandi bahagarika uwo yinjiye mu basirikare n’imodoka.

Abategetsi mu gihugu c’Ubufaransa bavuga ko ico gitero ku basirikare b’igihugu bari bagiye gucungera umutekano cari categuwe.

Ayo makuru ya Voix d’Amerique amenyesha kandi ko amakuru ava mu banyagihugu bemeza ko uwikekwa gukora ico gitero yafashwe ageze mu buraruko bw’umurwa mukuru Paris, ari mu modoka yakoreshejwe mu gitero.

Mu giporisi basiguye ko barashe uwo yaratwaye imodoka kuko yariko agerageza guhunga.

Ico gitero gikwirikiye ibitero bitari bike vy’abashigikiye Reta ya Kiyislamu ku basirikare n’abapolisi m’Ubufransa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.