Ubufaransa : Emmanuel Macron yiyemeje kugwanya ibikorwa vy’abimukira

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 29 Myandagaro 2017 saa 12:56
Yasomwe : 4986
0 0

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron inyuma yo kubonana n’abategetsi bo muri Afirika hamwe n’abo ku mugabane wa Buraya ku musi wa mbere igenekerezo rya 28 Myandagaro 2017,yamenyesheje ko agiye gushira mu ngiro umugambi wo gutuza abimukira baca mu kiyaga ca Mediterane ,kwongereza umutekano mu gihugu ca Libiya hamwe no gufasha ibihugu abo bimukira bacamwo.

Emmanuel Macron yavuze ko abasaba ubuhungiro bobigirira mu bihugu vyabo nko muri Libiya, Tchad na Niger.

Abarongozi bitavye iyo nama bavuze ko bipfuza ko igitigiri c’abimukira cogabanuka, kuko igitigiri kinini cabo kigira ingaruka kubo basanze mu bihugu bibakiriye.

Igihugu c’Ubutariyano casavye mur’iyo nama ko ishirahamwe rya Buraya ryofasha ico gihugu kuko ibigo bisanzwe vyakira abo bimukira vyarengewe n’ico gikorwa.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubudagi Angela Merkel yavuze ko ata nyishu nziza y’ikibazo c’abimukira hatateguwe kazoza keza ku bantu bo ku mugabane ba Afirika , mu bijanye n’iterambere kugira bashobore no kugwanya abakora urudandazwa rw’abimukira.

Tubibutse ko amafaranga imiriyaridi 18 z’amafaranga y’abanyaburaya ariyo yatanzwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, mu mugambi wo kugwanya abimukira binjira kur’uyo mugane.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha