IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umukuru w’abasirikare yatanze imihoho

Ubufaransa : Umukuru w’abasirikare yatanze imihoho

mercredi 19 Mukakaro 2017

Inkuru ziva aho mu gihugu c’Ubufaransa zimenyesha ko Pierre de Villiers yashikirije iryo kete ryo gutanga imihoho,mu gihe hari haheze imisi hari impari hagati y’abarongozi zerekeye uburyo bukoreshwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Mu gushikiriza iryo kete ,Pierre de Villiers yavuze ati : « Nafashe ingingo y’ivyo nabwirizwa gukora mu gushikiriza umukuru w’igihugu ko ntanze imihoho

Mw’itangazo yarungikiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu gihugu c’Ubwongereza Reuters ,Pierre de Villiers yavuze ati : «Ndabona ko ntabaye akarorero mu gisirikare ku mwanya ukwiye ,nasanze ntashoboye gukora neza ibikorwa vyo gukingira Ubufaransa n’abafaransa

Hari haciye imisi mike Pierre de Villiers amenyesheje ko Reta y’Ubufaransa yari imaze imisi itanga amategeko kur’ubwo bushikiringanji ajanye n’uburyo Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi butegerezwa gukoresha, vyatumye bitera ukutumvikana hagati y’igisirikare n’abajejwe intwaro bituma abasirikare bamwe bamwe bunguruzwa aho bakorera.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.