IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa: Umushikiranganji wa mbere aragena Reta nshasha

Ubufaransa: Umushikiranganji wa mbere aragena Reta nshasha

mercredi 17 Rusama 2017

Nkuko bimenyerewe mu gihugu c’Ubufaransa hitezwe ko abashikiranganji bagera kuri 15 bazoba bagenywe gushika igihe c’isaha icenda yo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 rusama 2017 .

Icitezwe na benshi muri iyo Reta ni ukunganisha ibitsina mu nzego nk’uko umukuru w’igihugu mushasha w’Ubufaransa Emmanuel Macron yari yabisezeranye hamwe mu gihe co kwiyamamaza , hamwe no gushira muri Reta abakorera mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike .

Abavugwa cane ko bashobora gushirwa muri iyo Reta ni Jean-Yves Le Drian, yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Reta yahahora, umukuru w’igisagara ca Lyon Gérard Collomb hamwe na, François Bayrou, yafashije cane umukuru w’igihugu Emmanuel Macron mu matora yahahora .

Twobibutsa ko Perezida Macron yimitswe mu mabanga yo kurongora igihugu ku musi w’Imana igenekerezo rya 14 rusama 2017, aca agena umushikiranganji wa mbere Edouard Philippe kuwa mbere igenekerezo rya 15 Rusama,umwaka wa 2017.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.