Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umushikiranganji wa mbere yatowe
Ubufaransa : Umushikiranganji wa mbere yatowe
lundi 15 Rusama 2017, par
Yarabaye kandi n’umushingamateka wo muri Seine Maritime mu 2012, igenwa ryiwe rikaba rifatwa nk’intambwe ikomeye mu mahinduka ya politike, nk’uko Macron yari yavyipfuje.
Izina ryiwe ryari ryavuzwe cane mu mpera z’iyi ndwi irangiye ko ashobora gutahukana ico kibanza. Macron arashima kandi akabona ko Philippe ari umuntu afise ubushobozi hamwe n’ubumenyi bwo gukorana n’umuntu uwariwe wese, bikazotuma batera intambwe idasanzwe muri politike, kuko asanzwe yarabaye mu nzego zitandukanye nko kuba umushingamateka hamwe n’umucamanza yigenga.
- Edouard Philippe, umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa
Philippe asanzwe yegereye cane Alain Jupin yahoze ari umwe mu bavugizi b’uwahora ari umushikiranganji wa mbere wa Reta yahahora mu matora y’intango y’umukuru w’igihugu, akaba ari kandi mu bavuye inyuma ya Francois Fillon mu ntango z’ukwezi kwa gatatu inyuma yo kwagirwa n’ibirego vyo guhemba bamwe mu muryango wiwe kandi atakazi bakora.
Messages
16 Rusama 2017, 03:15, par Elias Mpozamarira
Nivyiza kubayagenwe mwicokibanza cumushikiranganji wa mbere, ariko iyongeso yoguhemba uwutakoze abe yarayisezereye, kuko ntawurya atakoze.
Kandingo ivyagusa bitera ubwenge buke.
16 Rusama 2017, 07:31, par gahungu
Ok