IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umushikiranganji wa mbere yatowe

Ubufaransa : Umushikiranganji wa mbere yatowe

lundi 15 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Yarabaye kandi n’umushingamateka wo muri Seine Maritime mu 2012, igenwa ryiwe rikaba rifatwa nk’intambwe ikomeye mu mahinduka ya politike, nk’uko Macron yari yavyipfuje.

Izina ryiwe ryari ryavuzwe cane mu mpera z’iyi ndwi irangiye ko ashobora gutahukana ico kibanza. Macron arashima kandi akabona ko Philippe ari umuntu afise ubushobozi hamwe n’ubumenyi bwo gukorana n’umuntu uwariwe wese, bikazotuma batera intambwe idasanzwe muri politike, kuko asanzwe yarabaye mu nzego zitandukanye nko kuba umushingamateka hamwe n’umucamanza yigenga.

JPEG - 65.1 ko
Edouard Philippe, umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa

Philippe asanzwe yegereye cane Alain Jupin yahoze ari umwe mu bavugizi b’uwahora ari umushikiranganji wa mbere wa Reta yahahora mu matora y’intango y’umukuru w’igihugu, akaba ari kandi mu bavuye inyuma ya Francois Fillon mu ntango z’ukwezi kwa gatatu inyuma yo kwagirwa n’ibirego vyo guhemba bamwe mu muryango wiwe kandi atakazi bakora.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.