Ubufaransa:Umuyobozi w’ikinyamakuru Le Figaro yitavye Imana

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 30 mai 2018 saa 08:21
8280
0 0

Serges Dassault yashinze ikinyamakuru “le Figaro” yongera ashinga ikigo gikora indege harimwo iz’intambara yitavye Imana afise imyaka 93.

Umuryango wiwe wamenyesheje urupfu rwiwe uvuga ko Serges Dassault yaguye mu biro iwe biri Champs Elysees ahitanywe n’ingwara ya giturumbuka.

Muvyo uwo muryango wa Serges Dassault washikirije ,wamenyesheje ko inyuma yo gufatwa n’ingwara y’umutima.

Serges Dassault asanzwe ari mu bantu 5 baza ubwa mbere batunze mu gihugu c’Ubufaransa bikavugwa ko, ubutunzi bwiwe bungana imiriyaridi 20 z’amafaranga y’abanyaburaya.

Serges Dassault yarabaye n’umunyeporitike mu gihugu ciwe vyatumye aba umukenguzamateka hamwe n’umukuru w’igisagara Corbeil-Essonnes, giherereye mu bumanuko bw’umurwa mukuru Paris.


Kumenyekanisha

1
Daniella 30-05-2018 à 21:53

Ntiruhungwa,kandi,ntirucagura,abatunzi,nabakene.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha