IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa bwatanze imyidondoro y’uwakoze igitero cahitanye umuporisi

Ubufaransa bwatanze imyidondoro y’uwakoze igitero cahitanye umuporisi

samedi 22 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Ubufaransa catangaje ko umugabo yakoze igitero mw’ibarabara ryitiriwe Champs Élysées ari umusore yitwa Karim Cheurfi. Ico gitero cahitanye umuporisi umwe, babiri bagakomereka. Uwo yakoze ico gitero nawe yarishwe arashwe n’abaporisi.

Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, ku modoka yarimwo abaporisi bari bacunze umutekano kw’ibarabara rya Champs Élysées, mu gisagara ca Paris, mu gihugu c’Ubufaransa.

François Molins, umushikirizamanza mukuru akukira sentare y’i Paris, yamenyesheje ko uwakoze ico gitero yigeze gufungwa bamusanganye inzandiko zerekeye umutwe wa Islamic State, kandi ko yarashe abaporisi akoresheje inkoho yo mu bwoko Kalashnikov.

Karim Cheurfi yagirizwa ico gitero yavukiye mu gace ka Livry-Gargan, mu mwaka w’1977. Yapfunzwe incuro zitatu yagirizwa kugerageza kwica.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.