IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi : Abantu 95 bapfuye bahitanywe n’imvura y’isegenya

Ubuhindi : Abantu 95 bapfuye bahitanywe n’imvura y’isegenya

jeudi 3 mai 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC, amenyesha ko imvura yaguye yatumye ibitungwa bipfa,umuyagankuba uracika,amazu arononekara hamwe n’ibiti vyaguye.

Abajejwe intwaro muri ivyo bice, bavuga ko igitigiri c’abantu bapfuye gishobora kwiyongera umwanya n’umwanya, kuko hari abakironderwa mu bihomoka vy’amazu.

Ayo makuru abandanya avuga ko abajejwe intwaro basavye abajejwe ibikorwa vyo gutabara kwihuta gufasha kandi ko Reta y’ico gihugu yemeye kuzotanga amadorare ibihumbi 6 nk’agashumbusho ku miryango yabuze.

Abari mu bikorwa vyo gutabara bavuze ko, ribaye irya mbere babona imvura yisegenya nk’iyo ishobora kwonona ibintu gushika kuri urwo rugero.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.