Ubuhindi : Ingwe yatumye urubanza rw’ubugeni ruhagarara

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 décembre 2017 saa 09:06
22425
0 0

Mu ntara ya Madhya Pradesh, mu gihugu c’Ubuhindi ingwe yinjiye ahariko habera urubanza rw’ubukwe,ituma urwo rubanza ruhagarara.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko iyo ngwe yinjiye ahariko habera urubanza,isimvye uruzitiro rw’ikibanza cariko kiberamwo ubukwe, ivuye mw’ishamba riri hafi yaho.

Ayo makuru nyene amenyesha ko amasanamu yafashwe yerekanye abantu bahunga n’ubwoba bwinshi cane, ariko akaba atanumwe yakomeretse,uretse umukenyezi umwe aba mu kigwati kiri hafi yaho.

Abajejwe amashamba muri iyo ntara ya Madhya Pradesh bamenyesheje ko bariko bakurikiranira hafi iyo ngwe, ishobora kuba yirukanywe aho yaba n’iyindi ngwe iyirusha ubuto.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha