IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi: Umukobwa w’imyaka 10 yavye umwana w’ibiro birenga bibiri

Ubuhindi: Umukobwa w’imyaka 10 yavye umwana w’ibiro birenga bibiri

jeudi 17 Myandagaro 2017

Amakuru ava aho mu gihugu c’ubuhindi amenyesha ko uyo mwana yavyaye abazwe uruhinja rupima ibiro 2,5 kandi ko gushika ubu ataramenya ko yavyaye kuko igihe yarafise inda yabwiwe ko afise ibuye rinini mu nda yiwe.

Ubutungane bwo mu gisagara ca Chandigarh bwanse ko uyo mwana akuramwo inda kuko yarigeze mu ndwi za nyuma zo kuvyara inyuma yaho abaganga bavuze ko iyo nda bayimukuyemwo ko vyogira ingaruka mbi ku magara yuwo mwana w’umukobwa.

Mwomenya ko uyo mwana w’umukobwa yafashwe ku nguvu incuro nyinshi mumezi indwi aheze n’umugabo yari yubakanye na nyina w’uyo mwana ubu akaba ari mw’ibohero.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • dushimire Imana ikora ibitangaza!
    kandi:ntibazamuhishe uwomwana kuko aziko yamutwaye; n’ubwo bashobora kubimuhisha! kandi ali uburenganzira bwe. nzineza ko muzi igikwiye gukorwa:murakoze.

  • Imana ishimwe ko atayikoroye. Dushimiye ubutungane bw’ico gihugu bwanse ko bayikorora.Imana ishimwe kandi ko umwana yavutse kuba ataramenya ko yavyaye naho birumvikana yarakiri umwana ariko azobimenya abaganga nibamube hafi.Ubutungane bwagize neza gufunga uwo iyo nkozi y’ikibi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.